Imyidogo iguma ari myishi mu banyagihugu bitewe n-iduzwa ridasanzwe ry-ibidandazwa bitari bike bifatwa nk-ivya nkenerwa mu barundi, Leta nayo ikiboneka nuko idatanga umuco ku bituma ivyo bidandazwa biguma biduga ukwo bukeye uko bwije ndetse nico korwa kugira haboneke ituze mu basumyi. Gushika ubu, abatari bake bahaye bibaza nyimba ibiciro vy-ibidandazwa vya nkenerwa bigiye kuguma biduga canke ko bigiye gutinda bimanuka.
Mu ntara zitari nke z-uburundi haraciye imisi havurwa iduzwa rya ry-ibicuruzwa vya nkenerwa mu barundi.Ibiriko bituma abanyagihugu baja mu mw-iheburo kuko batabona iyo bariko bagana na nyaburya amahera bakoresha mu gusuma ivyo vyankenerwa agoye kuronka nkuko babivuga.
«turatangazwa cane n-ukuntu umuceri twirimira aha iwacu waduze ku rugero ruteye ubwoba. Ibaze namwe umuceri ubu uranguzwa ku kilo amafaranga 2500 vy-amarundi Kandi kare waranguzwa hagati y-amafaranga 1700 na 1800. Ibido y-amamesa igeze ku bihumbi 80.000 vy-amarundi, akadobo k-amavuta y-amakoto kageze ku mafaranga 66200 y-amarundi. Leta nirabe nukuri ico korwa» Niko umudandaza wo mu gisagara ca Bujumbura kw-isoko yo mu Kamenge yaganiriye na UBM NEWS avuga.
Mu ntara ya Bururi , iri mu bumanuko bw-uburundi nahone ibiciro vy-ibifungurwa vya nkenerwa vyaraduze ku rugero rwo hejuru. « intete z-ibigori zahora zidufasha cane muvy-ubugari aha iwacu zaraduze cane ubu ikilo kigeze ku mafaranga ari hagati y-1350 na 1400, ifu y-imyumbati nayo igeze ku mafaranga 1500, imwe bita nyange nayo igurwa 1000. Aga 5litres k-amamesa ni 17000» Niko umunyagihugu wo muri komine Bururi atumenyesha.
Mbega iryo duzwa ry-ibiciro ku bidandazwa vya nkenerwa ryoba ririko riterwa n-iki?
Bamwe mu badandaza basanzwe bacuruza ibifungurwa bamenyesha ko imvo ya vyose iriko ituma ibiciro biguma biduga nuko mu gihe ifaranga ry-uburundi ryoguma rita agaciro bizoba bigoye ko ibicuruzwa vya nkenerwa bimanuka ahubwo bibandanya biduga. « Ndavye ukuntu idorari rimwe amahera y-amarundi rivunjwako, ucubona ko icizere c-uko ibicuruzwa kumanuka ibiciro atari ubu kuko muramenya ko idorari riguma ribura uku mu gihugu na twebwe turatinda tugashikirwa naho ducuruza ivyo twirimira.» bivurwa n-umudandaza w-indya akorera kw-isoko bita kwa «SIYONI»
Leta isabwa iki kugira itorere inyishu ico kibazo?
Yaba abadandaza canke abaguzi bavuganye n-ikinyamakuru UBM News, nuko bose bahuriza ko Leta yokora ibishoboka vyose ikaha agaciro ifaranga ry-uburundi , ivyo navyo nuko abanyamitahe baza ku bwinshi mu gihugu hamwe no gushorera ku bwinshi ibidandazwa nja buka mazi maze amafaranga y-agaciro akasubira kuboneka ku bwinshi mu gihugu, abaja kuyaranguza hanze y-igihugu bakayaronka ata ngorane zibayemwo.





Recent Comments