UBM News ads

RDC:Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike aremeza ko abasirikare b-uburundi bari ku butaka bw-ico gihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike muri Republika iharanira demokarasi ya Congo mu karere ka Ruzizi La societé force vive de Sange et ses environs aremeza ko ingabo z-uburundi zimaze igihe zinjira ku butaka bw-ico gihugu. Uwuserukira urwo runani rw-ayo mashirahamwe KIDUMU Musegetera  amenyesha ko baza mbere barandikiye ikete umukuru w-igihugu Felix Tshisekedi kugira atange insiguro ku bijanye n-ivy-abo basirikare b-uburundi bavogereye ubutaka bwa Congo. Bagategekanya guhamagaza imyerekano ari nka hamwe ata nyishu itomowe bohabwa.Burundi: combats entre l'armée et des assaillants venus de RDC

« kubw-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ahurikiye mu kiyaya ca Ruzizi tubwirwa n-abanyagihugu ko bariko barabona abasoda binjira mu gihugu cacu .Tugenda tubona ingabo za Leta y-uburundi zinjira iwacu ariko kandi harimwo n-iyindi mirwi y-abarwanyi. Twarandikiye umukuru w-igihugu cacu kugira adusobanurire kuko ivyo vyose n-ingorane ziza zisinzikaza abanyagihugu ba Congo. Turiko turagerageza kwereka umukuru w-igihugu ivyo ajejwe. Mu gihe batazoba baduhaye inyishu tuzorungika intumwa i Kinshansa kubonana n-umukuru w-igihugu. Aho naho, atwankiye tuzoheza twibeko, tuzotunganya imyiyerekano inyuma y-imisi mikuru, ivyo bikazotuma mu butumwa twari dukeneye kubashikiriza aca aburonka» Niko Kidumu Musegetera aserukira urwo runani rw-amashirahamwe asigura.

Urwo runani rugatinya ko mu misi iri mbere abo basirikare b-uburundi bashobora kuzohohotera agateka k-abanyagihugu  mu burere bagenda baracamwo.« …iyo habaye imirwi y-abitwaje ibirwanisho yinjiye mu banyagihugu yaba iy-abene agataka canke iyiza iva hanze birahungabanya umutekano w-abanyagihugu , haraba ubusuma bw-ibitungwa hirya no hino no mu kiyaya ca Rusizi hadasizwe inyuma. Harabamwo n-abantu bicwa twama twabibonye nico gituma turiko tutabariza umukuru w-igihugu agire ico akoze» Niko Kidumu abandanya avuga.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments