Umunywanyi w-umugambwe CNL muri komine Matongo , intara ya kayanza yarapfuye biturutse kw-iborezwa igufa yakorewe n-abakozi b-urwego rw-iperereza . Innocent Barutwanayo yaborejwe igufa ari mu kayanza mu nyuma ahava apfira mu bitaro Clinique Prince-Louis RWAGASORE biri mu gisagara ca Bujumbura. Umuryango w-uwo muhisi ukaba usaba ko ikiziga ciwe gitahukanwa kugira ahambanwe iteka.
Innocent Barutwanayo yahagaritswe kuwa 16 Munyonyo 2021 n- imbonerakure nyishi , uwutwara umutumba Kivumu hamwe n-umu OPJ yitwa Gilbert akorera muri komine Matongo. Bukeye yaraye ahagaritswe, Barutwanayo yahavuye asohorwa mu gasho ko muri komine Matongo n-uwutwara iperereza mu ntara ya Kayanza Leonard Ngendakumana maze aca amujana mu biro vy-iperereza mu Kyanza. Ageze mw-iperereza mu Kayanza, Innocent Barutwanayo yarakubiswe hakoreshejwe ivyuma biteye hamwe n-intsinga kugira ngo yemere ko akorana n-abarwanyi . Barongeye kandi bamubaza impamvu yase kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD.
Kuwa 20 Munyonyo 2021, Uwo munywanyi w-umugambwe CNL yahavuye arungikwa mu bitaro vyo mu Kayanza kugira avurwe ibikomere vyaturutse ku kuborezwa igufa yakorewe. Babonye ko yaremvye, Innocent Barutwanayo yahavuye ajanwa i Bujumbura mu bitaro Clinique Prince Louis RWAGASORE aho yahavuye asandabira kuwa 3 Kigarama 2021.
Mu gihe umuryango w-umuhisi usanzwe ata mikoro ufise, ukicumva ikuru mbi y-uwabo ko yapfuye, wahavuye usaba musitanteri wa komine Matongo , Alice Nsabiyumva ko yoja gutora ikiziga i Bujumbura maze bagashingurana iteka uwabo, ariko uwo mutware yoba atavyemye.
Tubamenyeshe ko uwundi munywanyi w-umugambwe CNL azwi kw-izina rya Augustin MATATA yararongoye uwo mugambwe muri komine Isare, yarapfuye nawene biturutse kw-iborezwa igufa yakorewe n-iperereza ry-uburundi , hari kuwa 15 Kigarama 2021. Ikiziga ca MATATA nacone kikaba kiri mu buruhukiro bw-ibitaro Clinique Prince Louis RWAGASORE.





Recent Comments