Amakuru aturuka mu biro bikuru vy-iperereza ry-uburundi, mu gipolisi hamwe no mw-ibohero rikuru rya Mpimba, yemeza ko Gerard Ndayisenga, Umukozi w-iperereza ry-uburundi yama yavuzwe n-amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu guhohotera harimwo no kwaka ubuzima abatavuga rumwe n-ubutegetsi ,abarizwa mw-ibohero rikuru rya Mpimba. Ayo makuru akavuga kandi Gerard Ndayisenga afunganywe n-akandi karwi bari bamaze imisi bakorana mu gukubita no kuboreza igufa abapfungiwe mw-iperereza.
Nkuko vyatanguye kuvurwa kuva kuri uyu wa gatatu w-iy-indwi turimwo, Â urupfu rw-umunywanyi w-umugambwe CNL Matata Augustin aheruka kwitaba Imana biturutse kw-ihohoterwa rikmeye yakorewe mw-iperereza rwoba arirwo ntandaro ry-ipfungwa ry-abo bakozi bakorera iperereza ry-uburundi.
Uwo Gerard Ndayisenga akaba yarazwi cane mu mabi atandukanye yagiye akorera abatavuga rumwe n-umugambwe CNDD-FDD barwiriyemwo kenshi abanywanyi b-umugambwe CNL urongowe n-umushingamateka Agathon RWASA. Muvyo yagenda abakorera harimwo ukunyuruzwa mu nyuma bagatorwa ibiziga abandi bakaburwa irengero, uguhohoterwa bidasanzwe iyo bashikanywe mu busho bw-iperereza. Abanyagihugi bo mu ntara yagiye akoreramwo za Mwaro, kayanza, Karusi, Muyinga, Karusi, Muramvya na Bujumbura-Rural bakavuga ko batazopfa bamwibagiye ku marorerwa yakoreye ababo.





Recent Comments