Ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu , umutekano hamwe n-iterambere rusangi buributsa abanyagihugu kwubahiriza ingingo zo kwikingira umugera wa Coronavirus muri iki gihe buvuga ko hariko hibonekeza abandura benshi.
Mw-itangazo ryasohowe n-ubwo bushikiranganji kuri uyu wa gatatu, busigura ko muri ino misi hibonekeza itezura mw-ikwirikizwa ry-izo ngingo , ivyatumye ibitigiri vy-abandura uwo mugera vyiyongera hagati mu gihugu hamwe no mu bisagara.
Muri iryo itangazo, bamenyesha ko ingingo yo kubuza ko abantu bahurira hamwe ari benshi , zijanye n-amazu y-ubutambiro zizobandanya zishirwa mu ngiro kandi ko uwuzozirengako azohanwa vy-akarorero mbere no gushengezwa arengutswe bibaye ngombwa.





Recent Comments