Intwazangabo mu gipolisi ikukurutse izoba ifise riha uruhusha rwo kugura imodoka hanze y-igihugu yo kugenderamwo itarishe ikori ivyo bita «Exonération» mu rurimi rw-igifaransa. Ivyo bikaba biri muvyo inama nshingamateka yize yongera iremeza kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 kigarama 2021 .
Ibindi vyizwe mw-iyo nteguro yari yashikirijwe n-umushikiranganji w-umutekano Gervais Ndirakobuca, harimwo ukwo umupolisi w-intwazangabo ashikanye imyaka yo gukukuruka ashobora kwongerwa imyaka ibiri yisubiriza y-akazi mu gihe azoba avyisabiye.





Recent Comments