Abarwanyi b-umuhari TPLF kuri uyu w-Imana bongeye kwigarurira igisagara ca Lalibela kiri mu buraruko bwa Etiyopiya ahasanzwe hari ikigo ndangakaranga ca UNESCO. Ayo makuru akaba yemezwa n-umuhari TPLF hamwe n-abanyagihugu bo mw-ako gace. Ico gisagara kikaba cafashwe inyuma y-imisi 11 abasirikare ba Etiyopiya bongeye kucigarurira.
Uburongozi bw-umuhari TPLF bwavuze ko bwagavye ibitero mu bisagara biri kw-ibarabara rifatanya Gashena na Lalibela.
Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Abo barwanyi ba TPLF ku muhingamo wo kuri uyu w-Imana bamenyesha ko inyuma yo gusambura hamwe no gushwiragiza umwansi wabo yari mu micungararo ya Gashena , baciye bongera gufata ikibuga c-indege ca Lalibela.





Recent Comments