Igipolisi c-uburundi kimenyesha ko cafashe abanywanyi b-umugambwe CNL biyemerera ko bariko barondera abanywanyi binjira mu muhari w-abarwanyi barongowe na Aloys Nzabampema. Umuvugizi w-igipolisi c-uburundi Desiré Nduwimana avugako ababa binjiye mu mirwi y-abarwanyi aribo abanyepolitike hamwe n-abaharanira agateka kazina muntu bahava bagaruka bagatangaza ko baba banyurujwe bakaburwa irengero.
Umuvugizi w-igipolisi c-uburundi yarerekanye kuri uyu wa kane kuri radiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB abantu avuga ko ari abanywanyi b-umugambwe CNL biyemerera ko aribo barondera abanywanyi baja mu murwi w-abarwanyi ba FNL urongowe na Aloys Nzabampema. Ababa binjiye mw-uwo muhari ngo ninabo baheza bakavurwa ko babuzwe  irengero.
«kugira uze kuba umunywanyi b-umuhari urwana witwa FNL w-uwitwa Aloys Nzabampema bavuga yuko utegerezwa kuba ubwa mbere uri umunywanyi w-umugambwe CNL,…» Niko DesirĂ© Nduwimana yasiguye kuri RTNB.
Kubwa Pacifique Nininahazwe , umwe mubaharanira agateka kazina muntu arongoye isekeza NDONDEZA, rijejwe gutabariza ababa babuzwe irengero babanje gufatwa n-abo mu nzego z-umutekano , amenyesha ko ashima ko igipolisi cerekanye abo bantu bakiri bazima akanagirako anamenyesha ko igipolisi arico cica canke kigakiza ngo kuko arico gifata ingingo y-abo cerekana hamwe n-abo kiterekana.
Â





Recent Comments