Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano yarerekanye kuri uyu wa gatandatu umuntu avuga ko ari mu bigize ko yanyurujwe. Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji yamenyesheje imbere y-abamenyeshamakuru ko iyo umuntu abuze mu kibano , ntabwo ari imisi yose aba yanyurujwe.
ˮ…No kunyuruzwa birashobora kubaho kuko ni icaha gisanzwe gitegekanijwe n-igitabu mpanavyaha c-uburundi. Kurashobora kuba ukuri canke mbere hari n-ababikina ku nyungu zabo zitandukanye‟ Niko Nkurikiye yasiguye.
Uwo asanzwe avugira ubushikiranganji bw-umutekano yasiguye ko uwo muntu yari yigize ko yanyurujwe yandikiye ubutumwa umupfasoni wiwe amubwira ko yanyurujwe n-abantu atazi , ndetse ko banamujanye bamupfutse igitambara mu maso . Niko guca uwo mugore aja kubimenyesha inzego z-ibijejwe . Amenyesha ko zigize amatohoza zamusanze ari mu nzu yakira ingenzi ˮ hôtel‟ atako aravyiyemerera ko ariko vyagenze.
Petero Nkurikiye ahanura abo bose babura ababo ko bokwitura inzego z-umutekano . Kubwiwe, ngo hari abagenda mu bindi bakabihisha ntibanasezere munyuma ukaza wumva bariko batabarizwa ko banyurujwe.





Recent Comments