Umuhungu wa Moammar Gadhafi yahoze ari umukuru w-igihugu ca Libiya ari mubazohiganirwa mu matora y-umukuru w-igihugu ategekanijwe igenekerezo rya 24 Kigarama uno mwaka.
Saif al-Islam –Gadhafi w-imyaka 49 muri videho yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi , yabonetse ariko ashira umukono ku mpapuro zo kwitoza ahakorera umurwi utegura amatora mu gisagara cahitwa i Sebha kiri mu bumanuko bwa Libya.
Abandi bamaze kumenyekana ko bazokwitoreza ikibanza c-umukuru w-igihugu wa Libiya , harimwo Khalifa Haftar ari mu ntwazangabo nkuru z-igihugu , umushikiranganji wa mbere, Abdulhamid al-Dheibah hamwe rero n-umuvugizi w-inama nshingamateka Aguila Saleh.
Abakwirikiranira hagufi ibihe vy-amatora vyimirije muri Libiya, baha amahirwe Saif al-Islam Gadhafi ko ariwe ashobora gutsinda ayo matora kuko mw-abo bose bazohiganwa ariwe azwi cane n-abanye Libiya. Uwo muhungu w-umuhisi Perezida Gadhafi amenyesha ko niyo yatorwa , mu vyihutirwa ko harimwo ugusubiza ibintu ku murongo muri ico gihugu , inyuma y-imyaka cumi umuvyeyi wiwe agandaguwe bunyamaswa.





Recent Comments