Ubutare butaramenyekana ubwoko bwabwo bwatowe kuri uyu wa kane muri Komine Kigamba mu ntara ya Cankuzo aho bwari bwimbwiwe bunyegeje mu kuzimu mu kibanza ca Oasis. Ico kinogo kikaba catowe n-abakozi ba OBR,ikigo kijejwe kwegeranya amakori n-amatagisi.
Abajejwe umutekano bemeza ko ico gikorwa kibandanya co kuraba ubundi butare kandi ko umutekano ucunzwe bikwiye. Abazi ico kigo, bavuga ko ico kibanza ca Oasis cahora kibamwo abazungu , ari naco gituma bikekwa ko aribo boba bahahamvye ubwo butare imbere yo gusubira iwabo.





Recent Comments