Kuva ikiza ca Covid-19 cadutse mu gihugu c-uburundi, Leta y-uburundi ntiyigeze ishaka gushira ahabona ukuri kubijanye n-ico kiza naho yariziko camaze gushika mu gihugu. Ivyo rero, vyatumye ititaho gutunganya ibikorwa bikomeye vyo kurwanya ico kiza .Biri mw-itangazo ryasohowe kuri uyu wa kabiri n-umugambwe MSD.
Alexis SINDUHIJE asanzwe arongoye uwo mugambwe ari nawe yateyeko umukono kw-iryo tangazo amenyesha ko Leta y-uburundi itigeze yerekana ishaka mu gutunganya umugambi w-ingene abanyagihugu bocandarwa canke yinanate mukurondera incanco zogukingira abanyagihugu bayo. Ivyo biri ukwo mu gihe umukuru w-igihugu n-abo bajanye mu rugendo muri Leta Zunze ubumwe za Amerika ngo bicandagishije ariko bagasiga abari mu ngorane zo kuguma Babura ababo kubera ico kiza.
Kubw-ivyo, umugambwe MSD usaba abarundi gutanga intererano kubijanye no kwikingira ico kiza , bakerekana ingendo ibereye bakongera bagasaba uburenganzira bwabo bwokurindwa ako karanda k-ico kiza ca Covid-19. Umugambwe MSD uranasaba kandi amakungu kuraba ukwo ibintu vyifashe mu Burundi hanyuma agategeka kwugururira imiryango ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y-abantu kw-isi OMS kugira rifashe gusumba mu bijanye no kuvura abanduye hamwe no gutegura isekeza ryo gutnga incanco ku banyagihugu. Mu gihe bitogenda ukwo, umugambwe MSD ubona ko iruhande yo kunyuruza abantu ,kubafungira ubusa hamwe no kubica, ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD bwimye abarundi uburenganzira bafise mu bijanye no kwivuza.





Recent Comments