Urwaruka ruhejeje amashure ruzohora rubanza kwigishwa gukunda igihugu imyaka 2 rwigishwe no kukirwanira.

0

Umunyamabanga mukuru w-umugmbwe CNDD-FDD amenyesha ko urwaruka ruzoba ruhejeje amashure rugiye kuzohora rubanza gukorera igihugu mu kiringo c-imyaka ibiri rwongere rwigishwe ku kirwanira bwa gisoda muvyo bise ˮservice patriotique volontaire‟. Reverien NDIKURIYO yabivuze kuri uyu wa kane mu masengesho asozera ukwezi yama yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD.May be an image of 1 person and text that says '20FDD CNDD-FDD'

ˮHariho ingingo nyishi zafashwe zuko uwuhejeje wese amashure ategerezwa kumara imyaka ibiri yo gukorera Leta muri service patriotique volontaire  nk-igisoda! Bigishwe kurwanira igihugu, bigishwe gukunda igihugu hama barangure imigambi imyaka ibiri iheze. Igihugu kirarwanirwa naho mwogenda muri bibiliya  ntanahamwe  batavuga ko ko utegerezwa kurwanira igihugu‟ Niko Reverien NDIKURIYO yasiguye.

Uwo arongoye umugambwe uri k-ubutegetsi yongeye aragabisha amashirahamwe ya Leta atunguka  ko bagiye kuyasubirako kuko ameze nk-igiti kitamwa ivyamwa vyiza, ico naco kiba kigiye gucibwa nkuko yabandanije abivuga.