Mu gihe kuri uyu wa gatandatu yari yagiye kugarukira ku banyororo bo mw-ibohero rikuru rya Gitega ryari ryazindutse riterwa n-umuriro, Umushikiranganji w-ubutungane yaragabishije abashikirizamanza hamwe n-abacamanza bihutira gufunga abantu badatohoje neza ko ivyo bagirizwa arivyo canke ko vyoba bihuye n-igihano co gufungwa.
ˮHarageze ko Leta y-uburundi ihagurukira ubutungane kandi abenegihugu bose bazobibona bashime…‟ vyashikirijwe na Jeanine Nibizi.
M-urwo rugendo, Umushikiranganji Jeanine Nibizi yarumvirije abanyororo batari bake aho ndetse yaciye ategeka kurekura umwe atabona afunzwe yagirizwa kuba yaragize uruhara mw-igandagurwa rya nyina wiwe hamwe n-umwigisha yisabiye ikigongwe yafunzwe biturutse ko yapfukamitse abanyeshure baca bakomereka ku mavi.
Kubw-uwo mushikiranganji Leta igiye guhagurukira ubutungane mu kuraba amadosiye y-abarenganijwe amenyekane, abacamanza n-abashikirizamanza babigizemwo uruhara babihanirwe.





Recent Comments