Inyuma yaho hasohokeye itangazo ry-ikigo OBR kijejwe gutoza amakori n-amatagisi rimenyesha umurundikazi yitwa Nitereka Charlotte ko yo kwihutira kuriha amakori aheranye angana 52.683.428.783 FBU atarafatirwa ubutunzi bwiwe, Ikigo OBR kibicishije k-umuvugizi waco Stany Ngendakumana amenyesha ko idosiye y-umudandaza Nitereka Charlotte yatanguye mu mwaka w-2012 aho yagirizwa kugira urudandazwa rwa magendo , nikwo guca asabwa kuriha imiriyaridi umunani z-amafaranga y-amarundi mu nyuma aca ahitamwo guhindura I numero za terefone yongera ahindura aho akorera.
Mw-iryo tangazo ryasomwe kuri uyu wa 9 Myandagaro 2021 , Umuvugizi w-ikigo OBR yemeje ko amatangazo amaze imisi ariko atembera ku mbuga ngurukanabumenyi zikoreshwa n-ico kigo ca Leta gitoza amakori n-amatagisi ari ay-ukuri ko kandi n-abandi badandaza basabwa kuriha amakori bitarinze kuja ahabona nk-uko biriko bishikirwa kuri bamwe mu badandaza.
Kucerekeye ico umudandaza Charlotte Nitereka yakora cotuma yishuzwa ikori ringana kurya, Umuvugizi w-ikigo OBR ntamenyesha ivyo uwo mupfasoni asanzwe adandaza. Gusa naho atawoca avyemeza mw-aka kanya, biravurwa ko Charlotte Nitegeka yakora urudandazwa rw-ubutare akabushora hanze y-igihugu afashijwe na bamwe mu bihangange biri muri Leta y-uburundi.





Recent Comments