Nk-uko vyatangajwe n-ubuserukizi bw-uburundi mu gihugu c-uburusiya, umunyeshure yitwa Prosper Hitimana yahora yiga muri kaminuza yigisha amategeko y-I Orel yaritavye Imana ku muhingamo wo kuri uyu wa 10 Myandagaro 2021.
Iryo tangazo ry-ubuserukizi bw-uburundi mu burusiya rimenyesha inkomoko y-urwo rupfu rw-uwo munyeshure itaramenyekana . Ariko bukabandanya bumenyesha ko amatohoza aza yatanguye gukorwa kugira hamenyekane icamwishe.
Tubamenyeshe ko Prosper Hitimana agize umunyeshure agira kane mu kiringo c-imyaka ibiri apfuye, batatu muribo bakaba bapfuye mu mwaka uheze. Naho atawoca avyemeza, Â amakuru atangwa n-abarundi biga mw-ico gihugu avuga ko biboneka ko ari urwanko abanyeshure babanyafrika baguma bagirirwa n-abagenzi babo b-abarusiya bigana bitewe n-ukuntu bishika bakabasumvya amanota mw-ishure.





Recent Comments