Mu rwandiko ubuyobozi bukuru bw-ibanki y-ubudandaji BANCOBU bwandikiye abakozi b-iyo banki kuri uyu wa 9 Myandagaro 2021, bumenyesha ko ivyo kwubakana hagati mu bakozi vyarwiriye kandi ngo mu nyuma biheza bigatera ingaruka mbi mu kazi.
Ubwo burongozi bw-iyo banki y-ubudandaji buvuga ko hari ibibazo vyo mu mungo zabo baheza bakazana ku kazi canke iyo hari imanza zitandukanye bigaca bisaba ko abubakanye ukwo ari babiri umugore n-umugabo bica biba ngombwa ko bahabwa akaruhuko ku kazi, ivyo navyo bigatuma akazi kaca kagenda nabi.
ˮ Abashimanye baziyumvikanira bonyene umwe muribo akurwe mu kazi, , bibananiye, abo bashimanye guhitamwo uwuheba akazi ibanki yonyene izokwihitiramwo uwukurwa mu kazi baravye uburambe mu kazi hamwe n-amanota mu kazi. Abari basanzwe bubakanye , iyo ngingo ntibaraba ariko nabonyene bagiye gushirwa ugutandukanye‟ bimwe biri mw-urwo rwandiko niko rubitomora.





Recent Comments