UBM News ads

Itegeko ry-umukuru w-igihugu rishinga abagize intahe yo ku mugina riravuga ingene bazotorwa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw-itegeko ry-umukuru w-igihugu ryaraye rishizwe ahabona,  n-uko intahe yo ku mugina izoba igizwe n-abantu 15 bakazotorwa n-inama yo ku mutumba . Uwo zokwitoza mu bagize  intahe yo ku mugina azoba akwije ibi bikurikira:Burundi: Gukemura Amatati Bisaba Ibanga ry'Abashingantahe

1.Kuba afise ubwenegihugu bw-uburundi

2.Afise n-imiburiburi imyaka 35 y-amavuka.

3.Ari imvugakuri kandi agendera ubutungane.

4.Yiyubahiriza kandi yitwararika ivyo ajejwe.

5.Ashobora gutahura ibibazo vy-uwumwituye.

6.Yigenza runtu kandi atigeze ahanishwa icaha gituma abanyagihugu batamwizigira.

7.Atagira aho ahengamiye kandi ata nkunzi.

8.Yitwararika amatungo rusangi kandi agaheba inyungu ziwe bwite ku neza ya bose.

Iryo tegeko ry-umukuru w-igihugu rirongera rigatomora ibikorwa bitegura amatora , uburyo bwo gutora n-ingene amatora agenda.May be an image of text

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments