UBM News ads

Ihinduka ririko riraba mu bagize inzego z-umutekano zo hejuru ryoba rigamije iki?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho Perezida Varisito Ndayishimiye ahinduriye umukuru w-ikambi BSPI ijejwe kumucungera General de Brigade Dominique Nyamuguruka agasubirizwa n-uwahora arongoye akarere ka mbere ka gisirikare General de Brigade Richard Banyankimbona, Eka no mubarongoye ivyo bita mu mvugo ya gisirikare  ama ˮBataillons ‟ hamwe n-ama ˮbrigades‟ bariko bahindurwa.  Abatari bake bahaye bibaza icoba cinyegeje inyuma mw-iryo hindurwa ry-abagize inzego z-umutekano .May be an image of 2 people, outdoors and text

Igihe Perezida Ndayishimiye atanguriye amabanga yo kurongora uburundi, Abajejwe umutekano wiwe, abahanuzi bakuru biwe, abagendanyi biwe  ntiyigeze abakomakoma . Nka bose yagumijeho abo ku muhisi Perezida Nkurunziza.  Hageze kugena ibihangange vyinjira muri Leta yiwe yahisemwo abantu  batari bake bazwi ko bari nsomambike n-umuhisi Perezida Nkurunziza aha twovuga nk-umushikiranganji wa mbere Alain–Guillaume Bunyoni, Gervais Ndirakobuca arongoye ubushikiranganji butatu bwashizwe hamwe biboneka ko bukomeye , umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert shingiro,  umushikiranganji w-amagara y-abantu umuganga Thadée Ndikumana hamwe n-abandi,…

Ariko rero, Kubihaye biboneka n-uko Umukuru w-igihugu c-uburundi  ahaye yikurako bukebuke bamwe mu bari mu nzego z-umutekano bari  begereye cane  umuhisi Petero Nkurunziza mu kubashira muyandi mabanga biboneka ko bigijwe kure naho bobo babona ko batewe iteka ryo guhabwa ayandi mabanga masha. Abandi twovuga ni  uwarajejwe kugendanira umukuru w-igihugu  Varisito Ndayishimiye aherutse kurungikwa mu mahanga kuba ambasaderi. General Ndayiziga Emmanuel yakorera iperereza  mu biro vy-umukuru w-igihugu akaba yari mu bizigirwa bambere umuhisi Nkurunziza yemera nawene aheruka kugenwa muyandi mabanga, akaba yaciye asubirizwa na Colonel Alfred  Innocent Museremu yarajejwe iperereza hagati mu gihugu, uwo Museremu akaba nawe ari soma mbike na Perezida Ndayishimiye ndetse bakaba bavuka mu ntara imwe ya Gitega. Amasoko atandukanye ava mubegereye Perezida Ndayishimiye atumenyesha ko izindi mpinduka ziriko zirategurwa , ko mubategerezwa guhindurwa hoba harimwo uwurongoye ibiro vya gisirikare Lt.General Prime Niyongabo yagirizwa na bamwe bari mu mugambwe CNDD-FDD ko yigaruriye urwego rwa gisirikare nk-icibare ca se wiwe mu kunyonora amafaranga atagira izina ahembwa abasirikare bagiye kugarukana amahoro mu bihugu vya Somaliya na Centrafrika.

Bamwe n-abandi  mubari mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD babona kubona  Perezida Varisito Ndayishimiye ariko yigiza inyuma bukebuke abari nsomambike b-umuhisi Perezida Nkurunziza ari umukenyuro musha yatoye kugira ashike ku ndoto ziwe z-ukuntu yorongora uburundi afise ukwo avyipfuza, atabamutera igitsure canke bamubere intambamyi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments