UBM News ads

Perezida Ndayishimiye ahamagarira abarundi kugaruka ku karanga ka kera.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe kuri uyu wa 7 Myandagaro 2021 mu gihugu cose ariho hahimbazwa umusi  mukuru wahariwe amakomine, Umukuru w-igihugu c-uburundi  arikumwe n-umutambukanyi wiwe iyo bari bagiye kuwuhimbariza muri komine Giheta,intara ya Gitega yahamagariye abarundi kugaruka  kw-ibanga ry-abasokuru  ryo kwiyumva ko ari abarundi babushitse, bashize hamwe kandi bagendera ku mico n-imigenzo.May be an image of 8 people, people sitting, people standing and outdoors

ˮTuriko tugaruka ku muzi w-ibanga ry-igihugu cacu .Burya icari carishe igihugu cacu kwabaye uguta ibanga ry-igihugu cacu . Ingeso y-urugo ntiyubaka urundi, Murumva y-uko tutogendera ku mico y-abo tudasangiye ibanga n-akaranga ngo biheze bigende neza. Twebwe rero mu Burundi, turiko turagaruka aho twicara hamwe kugira tube turayaga. Iki gihe, ni igihe co kuba turibukanya ingene dukwiye kubaho kw-ibanga ry-uburundi‟  Niko Perezida Varisito Ndayishimiye yavuze mw-ijambo yashikirije abanyagiheta bari bitavye ibirori vy-umusi wahariwe amakomine. Umukuru w-igihugu c-uburundi yongeye aramenyesha ko umusi mukuru w-amakomine ari umusi wo kwisuzuma kugira abavuka komine barabire hamwe ivyo teza imbere ikomine yabo.

 

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments