Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 myandagaro 2021 ku mutumba Buvumo uri muri komine Kabarore, ku rubibe rugabura uburundi n-urwanda , Imiyabaga indwi ituruka mu gihugu c-urwanda yari yafatiwe mu Burundi mu mpera z-ukwezi kwa Mukakaro bivurwa ko bajabutse urubibe bidaciye mu mategeko yashikirijwe abategetsi b-urwanda .
Buramatari w-intara ya Kayanza Col. Remy Cishahayo yashikirije iyo miyabaga mugenzi we arongoye intara y-amajepfo y-urwanda Alice Kayitesi. N-inka yari yafatiwe muri komine Kabarore yibwe ivuye mu gihugu c-urwanda yasubijwe mweneyo umunyarwandakazi , Mukamisha Verdiana.
Abo bategetsi babiri bamenyesheje ko kurwaniriza hamwe abakora ivyaha njabukambibe hanyuma bagahungira muri ivyo bihugu arico bagiye gushira imbere mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati y-ivyo bihugu yari yaratosekaye kuva mu mwaka w-2015 .
Tubamenyeshe ko mu mpera z-ukwezi guheze Leta y-urwanda yaheruka gushikiriza Uburundi abarwanyi 19 b-umuhari RED-TABARA urwanya Leta y-uburundi bafatiwe ku butaka bw-igihugu c-urwanda mw-ishamba rya Nyungwe mu gihe abo barwanyi bari bazimiranye n-abagenzi babo bavuye gukora ibitero mu Burundi.
Mu ntumbero yo guhimbariza hamwe umusi mukuru wahariwe mu gushigikirana mu Burundi hamwe n-umusi mukuri w-umuganura mu Rwanda, Abarundi n-abanyarwanda bakaba basangiye ibinyobwa bihingurirwa mw-ivyo bihugu.





Recent Comments