Aimé Magera, Umwe mu ndongozi z-umugambwe CNL ari hanze y-igihugu c-uburundi amenyesha ko ibiriko bishikira abanywanyi b-umugambwe CNL urongowe n-umushingamateka Agathon Rwasa atari ivy-ubu kuko umugambwe CNDD-FDD kuva mu mwaka w-2005 ushitse ku butegetsi mbere n-imbere yaho warufitiye ishavu abayoboke ba Agathon Rwasa ico gihe bari aba FNL.
ˮNtibitangaje nagato kubona CNDD-FDD iriko igerageza guhonya uwo wese atavuga rumwe nayo asanzwe yiyumvamwo n-abanyagihugu. Ni umugambi wateguwe kuva kera, Ntitwokwibagira ca gihe co mu mwaka w-2010, 2011 na 2015 urumva nubu nivyo bibandanya, si ibintu bishasha‟ Aimé Magera yabibwiye bagenzi bacu b-iradiyo RPA.
Aimé Magera avuga ko ibiriko bishikira abanywanyi b-umugambwe CNL bidakwiye gufatwa nk-ikibazo c-umugambwe CNL gusa ahubwo nyabuna cari gikwiye nyabuna gufatwa nk-ikibazo c-igihugu cose kuko kubwiwe ngo aba CNL ni abantu nk-abandi.
ˮkugira bihagare nibazako atari ikibazo c-umugambwe , ni ikibazo c-igihugu cose kuko aba CNL ni abantu nk-abandi.Ni igikorwa rero c-abarundi hamwe n-amakungu kuko amakungu yaragize uruhara mu kugira CNDD-FDD ishike ku butegetsi ndetse n-ubu haguma haba ibiganiro mw-ibanga kugira ayo makungu arekure imfashanyo yari yarahagaritse gutanga, ivyo biganiro ntitubona ico biza gufasha abarundi atari ugushigira intwaro ya CNDD-FDD iriko yica ikongera ikiba‟ Niko iyo ndongozi y-umugambwe CNL ibandanya ivuga.





Recent Comments