Leta y-uburundi ibicishije ku mushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA akaba ari nawe ari icegera c-uwurongoye umurwi w-igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Covid-19 yamenyesheje ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu ko yemeye urucanco rw-uwo mugera ubangamiye isi. Urwo rucanco rukazotangwa n-ibanki y-isi yose.
Umuganga Thadee Ndikumana yamenyesheje ko uwo murwi wakoranye kugira wige ikete ibanki y-isi yose iheruka kubandikira ivuga ko igiye kuzana urwo rucanco. Ariko umushikiranganji w-amagara y-abantu avuga ko Leta itazobazwa ingaruka mbi zoshikira uwiteje urwo rucanco.
Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi ari co conyene cari gisigaye ku mugabane wa Afrika y-ubuseruko kitari bwacandagishe abanyagihugu baco umugera wa Coronavirus. Leta y-uburundi yaguma ivuga itemera ko hari urucanco rwoza kugeragerezwa ku banyagihugu bayo, ko icoba ciza ari ukurindira uruzokwemezwa ko rukinga ijana kw-ijana uwo mugera.





Recent Comments