UBM News ads

Igisirikare c-uburundi kirahakana ko atabarwanyi b-abanyarwanda bari mu kibira.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe yariko ashikiriza  kuri uyu wa mbere ivyaranguwe mu bushikiranganji arongoye mu gice ca kane c-umwaka w-2020 ushira uwa 2021, umushikiranganji wo kwivuna abansi Ir Alain Tribert Mutabazi arahakana amakuru amaze imisi avurwa ko hari imirwi y-abarwanyi ivuga ikinyarwanda icumbikiye mw-ishamba rya Kibira riri mu ntara ya Cibitoke.May be an image of 1 person and sitting

Naho umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe no kwitaho abahoze ku rugamba ahakana ko ata mirwi ivuga ikinyarwanda iri ku butaka bw-uburundi, Abanyagihugu bo mu ma komine agize intara ya Cibitoke yegereye ishamba rya kibira bamaze igihe babona imirwi y-abitwaje ibirwanisho igira uruza n-uruza mw-iryo shamba, ndetse iyo mirwi  ihora yikoreza  abo banyagihugu imizigo irimwo ibifungurwa iba ivuye gusumira mw-isoko. Ikindi abo banyagihugu bemeza n-uko bama bumvise urwamo rw-inkoho zikomakomeye vyama vyabonetse ko iyo mirwi yama yatanye mu mitwe n-igisirikare c-uburundi kigomba kuyikura mw-iryo shamba.

Nta gihe kinini giheze igisirikare c-urwanda kimenyesheje ko civunye abarwanyi babiri b-umuhari FLN urwanya ico gihugu baje bava bongera bahungira mw-ishamba rya kibira riri mu ntara ya Cibitoke. Ibikoresho vyari bifiswe n-abo bateye mw-ico gihugu kibanyi bigizwe n-imyambaro hamwe n-ibikopo bibikwamwo imfungurwa vyose  bifise ivyandiko vy-igisirikare c-uburundi  bikaba vyarafashwe n-igisirikare c-urwanda.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments