Inyuma yaho kuri uwu wa gatatu abakozi b-ishirahamwe rya Leta ryogutumatumanako amakuru ONATEL bahagarikiye akazi mu kiringo c-iminota 30 mu kugaragaza akababaro k-umushahara w-amezi ane baheraniwe badahembwa, Abatari bake bahaye bibaza nyimba ishirahamwe rya Leta nka ONATEL ryoba ryarahomvye canke ryoba rifise iyindi ngorane ikomeye gusa itaramenyekana.
Ibiro vy-umuyobozi mukuru wa ONATEL vyarugarijwe kuri uyu wa gatatu n-abakozi barenga 50 b-iryo shirahamwe. Abo bakozi bamenyesheje imbere y-ibinyamakuru vyari vyahishikiye ko bagomba gushikana ijwi ryabo kure mu ntumbero yo kwerekana ibibazo bikomeye bariko baracamwo.
ˮTumaze amezi ane tutaronswa agashahara kacu . Birababaje uravye ukuntu ubuzima buzimvye mu gisagara. Ikibabaje gusumba, umukoresha wacu umenga ntaco bimubwiye ‟ Niko uwuserukira abakozi yashikirije.
Abo bakozi b-ishirahamwe ONATEL biyamiriza kandi ihagarikwa ryo kubatangira imfashanyo y-integabizoza mw-ishirahamwe INSS , hakaba haheze amezi atanu. Umuyobozi mukuru w-iryo shirahamwe wewe yemeza ko abo bakozi baheraniwe amezi atatu gusa, akabagiriza kandi kudatanga umusaruro.
ˮHaraheze igihe dufise ibibazo mu kigega . Ico kibazo kiranazwi n-abakuru mw-iki gihugu. Ariko abakozi ntibatanga umusaruro . Kubera ko ONATEL iriko yibako mu bijanye n-uburyo , igihe amafaranga yinjira ari make, ntishobora kuronka imishahara y-abakozi bayo‟, niko umuyobozi mukuru wa ONATEL yatomoye.
Â
Â





Recent Comments