UBM News ads

Umukuru w-igihugu c-uburundi arahakana ko ata bantu banyuruzwa mu nyuma bakaburwa irengero.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro yaraye atanze ku binyamakuru mpuzamakungu RFI na FRANCE24 mu gihe yararangije urugendo mu gihugu ca Congo, Umukuru w-igihugu c-uburundi ntiyemera ko hari abarundi arongoye baburwa irengero, we akavuga ko ahubwo hari abaheza gukora  ivyaha mu nyuma bagaca bahungira mu gihugu kibanyi c-urwanda.Discours de SE Evariste Ndayishimiye à l'occasion du nouvel an 2021

ˮKuvyo nzi jewe, nta muntu aburirwa irengero mu Burundi. Canke naho umpe izina rimwe gusa ry-umuntu yoba yarabuzwe irengero? Ikindi nzi nuko gusa hari inkozi z-ikibi iyo zihejeje gukora ivyaha vy-ubugizi bwa nabi  baca baja kwinyegeza mu Rwanda, Kandi  nta burenganzira dufise bwo kuja kubahiga mu Rwanda‟. Niko Perezida Ndayishimiye yavuze.

Umukuru w-igihugu c-uburundi atanga akarero k-abantu bitwaje ibirwanisho bagera 19 avuga ko bateye umuryango  bakica abantu mu ntara ya Kayanza , akavuga ko bahejeje gukora iryo bara baciye bahungira mu gihugu c-urwanda kandi ko gushika ubu ariyo bibereye. ˮ Abantu bavuga ko buburiwe irengero , ariko ndazi ko bari ahantu‟ Niko Umukuru w-igihugu c-uburundi yabandanije kuvuga.

Mu gihe no mu ntango z-uku kwezi hari abantu bagera kuri umunani babuzwe irengero babanje gufatwa n-abamwe bari mu nzego z-umutekano hamwe n-abajejwe intwaro, Bamwe n-abandi na cane cane abaharanira agateka kazina muntu mu Burundi baratera ivyatsi iyo mvugo yakoreshejwe na Perezida varisito Ndayishimiye yo kuhakana ko ata bantu banyuruzwa mu Burundi, kubw-abo baharanira agateka kazina muntu bo babona ko umukuru w-igihugu c-uburundi yakoze mu nkovu abamaze igihe babura ababo bakagenda akazimayongo.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments