Mu gihe umunyapolitike Pancrace Cimpaye aherutse gutahuka mu gihugu, umuvugizi w-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko umurundi naho yoba ari ku mutahe mpuzamakungu arashobora gutahuka akavugana n-ubutungane ku bimwerekeye. Petero Nkurikiye ahamagarira abanyepolitike bakiri hanze y-igihugu ko botahuka.
Uwo avugira ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu yongeye aravuga ku bijanye n-ivyabaye mu mwaka w-2015 , aho aashikiriza ko hari abarundi 34 bamaze kwagirizwa ivyaha bakoze kandi n-urubanza n-urubanza rwabo ngo rwaraciwe. Kubwa Petero Nkurikiye, ngo umuntu yaraciriwe urubanza aho ari hose araza agashikira ubutungane bukamubwira ivyiwe. Arashobora kutavyemera ariko agasigura igituma atavyemera ngo kuko vyose biba vyisunzwe amategeko.
Kubijanye n-amakenga ko batahutse bohava baca bnatabwa muri yompi ku kibuga c-indege , Petero Nkurikiye asigura ko batera akamo kose , umwe wese ivyiwe bikazokwigirwa yamaze gushika mu gihugu ciwe c-amavukiro. Aha agatanga akarorero k-abandi barundi bamaze gutahuka harimwo Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP hamwe n-abahoze ari abashingamateka 4 batashe muri ay-amezi atatu aheze.





Recent Comments