Umukuru w-inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe mu rugendo amazemwo iminsi mu ntara ya Makamba yavuze ko umuhisi Petero Nkurunziza yabayeho nka Yesu Kristo ngo kuko yerekanye Samurarwa akiriho akagenda akiriho kandi vyose abitunganije.
Kubwa Daniel Gelase Ndabirabe , ngo Imana iri mu gihugu c-uburundi. Yabivuze mw-ay-amajambo :ˮ Nk-umukuru w-igihugu aravuga ngo ng-uyu samurarwa kandi akiriho , ugiye kubisubiramwo neza bimwe batubwira rero bati Imana iri mu Burundi, ni musenge gusa Imana ibindi izobikora , ndibuka nyakwigendera ariko avuga ati ufise ibirwanisho bingana gute ntushobora gutera uburundi hama ngo ubuve imbere ati kuko uzobukoze ku gahanga k-imana, uzirwaniranira n-Imana , kuko mu bindi bihugu uvuze uko uri umukuru w-igihugu ntushobora kumara imisi itatu utarahwera‟
Umukuru w-inama nshingamateka yarongeye aravuga ko n- umugambi wa cooperative Sangwe kugira uze ,kwabaye ukubonekerwa kw-abarongoye igihugu c-uburundi ˮMuri bibiliya birimwo. Mwiteho abakene, mwiteho ku bantu batobato, Nukuri ndababwire iyi programme ya Leta n-uno musi nivyo ihagazeko nyamukuru. Ibintu vyo kumanuka hariya mu mitumba mu benegihugu Imana yarabitweretse. Burya kirya kintu ca cooperative Sangwe ni ikintu cagiye kuza nkukubonekerwa‟
Bamwe n-abandi babona ko Gelase Ndabirabe co kimwe n-izindi ndongozi basangiye umugambwe CNDD-FDD bohagarika kuvanga ivy-Imana hamwe na politike kuko ngo ntibijana n-agato. Ikindi ngo uwo arongoye inama nshingamateka yategerezwa kwereka abanyagihugu imigambi ya Leta iriko irangurwa hamwe no kubereka uko inama nshingamateka arongoye iriko ikebura Leta mw-irangurwa ry-iyo migambi.





Recent Comments