Abakenyezi n-abigeme bagiye guhiga ubuzima mu bihugu vy-abarabu barira batakamba ko bugarijwe n-ibibazo vy-umurengera kandi batabona ukwo bazobivamwo. Barasaba igihugu c-amavukiro ko cokora ibishoboka vyose kikabakura mu bwo buzima bubi bavuga ko barimwo bacamwo mw-ivyo bihugu.
Mu bibazo barimwo bacamwo baravuga nko kwicwa, gukoreshwa ibikorwa vy-inguvu, gukora amasaha menshi bakankirwa kuruhuka, guheranirwa imishahara yabo, gusambanywa n-abakoresha babo, kuguma bugaraniwe mu mpangu bakoreramwo ntibemererwe kuja gutembera, n-ibindi n-ibindi… Abigeme n-abakenyezi bari mu bihugu vya Omani na Arabiya sahudite barongera bakamenyesha bamwe mu bagenzi babo bamaze kwicwa ndetse n-ibiziga vyayo ntibiboneke.
Ikindi kivurwa n-abo barundikazi bagiye kwisamwo mu bihugu vy-abarabu , ngo n-uko uwugerageje kwanka ko aryamana n-umukoresha wiwe aca yicwa, canke akagirizwa ko yafashwe ariko yiba maze bikunde ko ajanwa gufungwa ndetse ntazaronswe umushahara wiwe yakoreye. Barongera bakavuga kandi n-uwuronswe amahirwe yo kutoroka bitaza bimworohera ukwo yoronka ukuntu agaruka mu gihugu c-amavukiro ciwe kuko ngo imbere y-uko batangura akazi babanza kwakwa ivya ngombwa maze bigaca bibikwa n-umukoresha yamuumyeko.
Abo barundikazi barasaba batakamba ko Leta y-uburundi nk-uko yiswe Leta Mvyeyi yumve amarira yabo ibatabare mu mubakura mubwo buja bashobore kugarukanwa mu miryango yabo.





Recent Comments