Mw-itangazo ry-inama nshikiranganji yakoranye kuwa 9 Ruheshi uy-umwaka ku murwa mukuru wa politike I Gitega, umuvugizi wa Leta akaba ari nawe yasomye ivyizwe mw-iyo nama yamenyesheje ko umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye asavye abashikiranganji ngo bamenyekanishe amatungo yabo kuko ngo icari cabujije gushira mu ngiro ingingo ya 95 isanzwe iri mw-ibwirizwa shingiro ry-uburundi itegeka umukuru w-igihugu na Leta yiwe kwerekana amatungo yabo imbere yo kwinjira mu mabanga yabo ari uko impapuro babikorerako zitari bwaboneke ko ubu zabonetse ziza ziri muri sentare Ntahinyuzwa.
Tubibutse ko perezida Ndayishimiye yari yavuzeko Leta yiwe yari yasanze iyo ngingo ya 95 iri mw-ibwirizwa shingiro idashobora kuja mu ngiro hari mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru kuwa 25 Nyakanga 2020 aho yariko ashikiriza ivyo Leta yiwe yaranguye inyuma y-imisi ijana ashikiye ubutegetsi. Ni mugihe ivyo yabishikirije asubiye ku ngingo yari yafashe kw-igenekerezo rya 23 Myandagaro 2020 aho nyene yari yategetse abagize Leta yiwe arongoye kwerekana amatungo yabo mu kiringo kitarenga indwi zibiri.
Bamwe n-abandi bahaye bibaza igituma umukuru w-igihugu c-uburundi yivuguruza incuro zibiri zose ku ngingo imwe bakibaza icoba kiri inyuma yavyo kuko ngo ntibitahuritse nagato kubona kizigenza mu barundi ananirwa no guhagarara bugabo ku ngingo aba yafashe.





Recent Comments