Mu rugendo yavyutse agira mu gihugu c-u Rwanda kuruwu wa kane , Perezida w-ubufaransa Emmanuel yatangaje imbere y-icibutso kiri mu muji wa Kigali ca jenoside yakorewe abatutsi mu mwaka w-1994 ko yemeye uruhara rw-igihugu ciwe muri jenoside yakorewe abatutsi mu Rwanda ndetse anagirako asaba imbabazi abanyarwanda bose.
Perezida Macron yavuzeko jenoside yakorewe abatutsi muri 1994 itari impanuka ko yari yarateguwe ndetse ananemera ko ubufaransa bwakoze icaha gikomeye kukubona bwaratereranye ibihumbi vy-abantu bakicwa atakitabaza kandi aribwo bwari kubakingira.
Mw-ijambo ryiwe yavuze ati : ˮ Ndicishije bugufi kandi ndubashe ayo mateka n-abayazize nazanywe mw-iki gihugu no kwemera uruhara rwacu‟. Perezida Macron yongeye aravuga irindi jambo rikomeye aho yemeje ubufaransa bwirabiye hirya igihe abatutsi bariko batabaza, bwongera bwiyica amatwi bariko baragandagurwa ndetse icababaje bwabandanije buvyifatamwo nabi n-inyuma ya jenoside. Umukuru w-igihugu w-ubufaransa yongeye avuga ati : ˮ Abishe ntibari bafise y-ubufaransa ariko ubufaransa bubifitemwo uruhara, bufise amateka muvyabaye mu mwaka ntibagiranwa ku banyarwanda w-1994‟
Mu kurangiza, umukuru w-igihugu c-ubufaransa yemeje ko abakoze canke bakagira uruhara muri jenoside ari ugukwirikiranwa m-ubutungane ko ndetse ata numwe azobucika aho yoba ari hose.





Recent Comments