Mu nyigisho zo kuzirikana no gukundisha igihugu yahaye urwaruka rwo mu ntara ya Ngozi, umukuru wigihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye arihaniza abarundi bagurisha amatongo y-igihugu cabo ku banyamahanga baba I Burundi kuko kubwa Perezida Ndayihimiye ngo agataka k-uburundi aria k-umunyagihugu w-umurundi gusa.
Umukuru w-igihugu c-uburundi atanga insiguro ko igihe ugurishije itongo k-umunyamahangs uba uriko ucamwo ibice agataka k-uburundi kandi ngo noneho ibwirizashingiro ry-uburundi rirabitomora neza ko ako gataka katashobora kugurishwa canke ngo gacibwemwo ibice, biri mu ngingo ya kabiri y-ibwiriza shingiro ry-uburundi. Kubwa Perezida Ndayishimiye ati:ˮndababazwa cane n-ingene abo banyamahanga bagaruka bakaka imizibukiro mu gihe ibibanza vyabo bikenewe kurangurirwamwo ibikorwa vy-inyungu rusangi bikaba ngombwa ko umurundi agura icari gisanzwe ari iciwe‟.
Kubibaza ko uwugurishije n-umurundi nawe aba aciyemwo ibice ako gataka, Ndayishimiye avuga ati:ˮ iyo ugurishije k-umurundi mwene wanyu arahaza agatanga ikori rigafasha abandi kuko nawe aba ariko aranezerezwa ivy-abanegihugu muri rusangi‟





Recent Comments