Inyuma y’uburundi Congo nayo isavye u Rwanda gutanga abakurikiranwa n’ubutungane bw’ico gihugu.

0

Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo Felix Antoine Tshisekedi arasaba mugenzi we w’u Rwanda Paul Kagame gushikiriza ubutungane abakoze ivyaha muri repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Ivyo yabitangarije mu kiganiro yagiranye n’ibiro bijejwe gutanga amakuru vy’abafaransa-AFP kuri uyu wa gatatu. Muri ico kiganiro Perezida Tshisekedi yasa nkuwusubiza ivyo mugenzi we w’u Rwanda yatangarije kuri radio RFI na Televiziyo France 24 bikorera mu Bufaransa.

Ivyo bibaye inyuma yaho n’igihugu c’Uburundi casavye iyo leta y’Urwanda gutanga abakurikiranwako gushaka gutembagaza ubutegetsi bw’ico gihugu ariko u Rwanda rukabitesha agaciro.