Hari ku mugoroba wo kuruwu w-Imana igenekerezo rya 9 Rusama kw-ibarabara rya Muramvya- Bujumbura urenganye neza ku Mubarazi hafi ya Croix-rouge aho umurwi munini w-abitwaje ibirwanisho wategereye imiduga yariko imanuka I Bujumbura ubanje kwugara iryo barabara bakoresheje amabuye. Nikwo guca hatangura kwumvikana urudavagi rwinshi rw-amasase be n-amagerenade birabishwa ku ngenzi zari mw-iyo miduga yari yahagaritswe n-uwo murwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana ndetse n-imiduga muyategewe yaciye iturirwa.![]()
Gushika mu gatondo ko k-uruwu wa mbere , n-uko abantu bagera kuri 10 harimwo intwazangabo y-ipete rya colonel yitwa onecephore Nizigiyimana akorera i Addis- Abeba mu gihugu ca Etiyopiya muri EASF hamwe n-umwana wiwe yahiriye mu modoka aribo bamaze gupfa inyuma ya babiri basandabiye mu bitaro vy-I Muramvya biyongeye kuri munani bari bamaze kwitaba Imana.
Igipolisi c-uburundi camenyesheje hahejeje kuba ico gitero ko hari hamaze gupfa abantu munani ko abateye bari ˮabasuma bitwaje ibirwanisho‟ kandi koˮ bagiye bivye‟
Kubw-ayandi makuru aturuka aho haraye habereye ico gitero amenyesha ko abagikoze ataco boba bivye ahubwo bari bazanywe no gukora uwo mutego kw-iryo barabara mu nyuma baca barazimangana baraburwa iyo barengeye. Abajejwe umutekano boba barahashitse ariko ibara ryamaze kurwa ataco bagifasha.
Abanyagihugu batari bake bahaye bibaza ku biriko bibera mu gihugu c-uburundi aho hamaze imisi hibonekeza ibitero be n-imitego ku mabarabara vy-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utaramenyekana uburorero ni igitero caheruka kubera muri komine Rusaka mu ntara ya Mwaro aho abantu 8 bishwe barashwe n-umurwi w-abitwaje ibirwanisho utamenyekanye ubasanze m-uunywero bariko bivuna akanyota. Akandi Karorero ni umutego w-abitwaje ibirwanisho wakozwe ku modokari yarimwo Ingenzi wabereye kw-ibarabara rya RN7 neza na neza aho bita ku Muhabo muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi aho batatu muri batanu bari mw-iyo modokari baciye baraswa barahwera ubwonyene imodokari barimwo ica iraturirwa irasha iratokombera.





Recent Comments