Umuririmvyi w’umurundikazi Esther Nish official afadikanije na
Bukiv Lab isanzwe imufasha mu bikorwa vyiwe vy’umuziki , baramenyesha ko bariko barategura ico bise” Come and See Tour” kijanye n’indirimbo uwo muririmvyikazi aherutse gusohora yitwa “Come and See” kandi yakunzwe cane . Uwo muririmvyikazi ategura kuzogira ibiteramo ( Concerts ) kuva mu kwezi kwa Ruhenshi gushika muri Mukakaro, mu ntara za
Ngozi ,
Gitega,
Rumonge na
Bujumbura. Amenyesha kandi ko mu kwezi kwa Kigarama ategura kuzosohora urukurikirane rw’indirimbo ( album).
Recent Comments