UBM News ads

Imyidogo ni myinshi kubanyagisagara ca Ngozi baridogera ikena ry’umuyagankuba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Intara ya Ngozi n’imwe mu ntara zigize umutima w’uburundi dufatiye kubijanye n’ubutunzi,n’igisagara ca gatatu inyuma ya Bujumbura na Gitega.
Intara ya ngozi rero ifise amakomine menshi ariko iyiza imbere muvy’ubutunzi ni komine Ngozi kuko niyo ihetse ubutunzi nka bwose bw’iyo ntara. kuva mu gatondo ko kuri uwu wa 30/04/2021 nta muyagankuba urangwa muri komine ya Ngozi mugihe atamurimo n’umwe ushoboka mwiyo komine ata muyagankuba ubonetse.
 Abafise imoteri zitanga umuriro (groupes électrogènes) ni bo bonyene babandanije imirimo yabo, mugihe abakoresha amafirigo, ivyuma bisya canke bikobora intete nabo biriwe bifumbereje, . Bagasaba ko ishirahamwe REGIDESO ryogira ico rikoze kugira ngo nk’abafise ibidandazwa bipfa nk’amata, amafi, ivyamwa n’ibindi bashobore kubirokora

, n’ibindi bikorwa bibandanye.

Imvo yatumye umuyagankuba ubura, ntiramenyekana gushika ubu.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments