Urugero rw’Ubukene mu Burundi Rugeze kuri 76 kuw’ijana nk’uko bitangazwa n’ikigega c’isi FMI.

0

Icegeranyo c’ikigega c’isi kiraba ibijanye n’ubutunzi FMI cerekana ko ubukene mu Burundi buri ku bice 76%.Ubu bivugwa ko u Burundi arico gihugu kiri mu kibanza ca mbere mubikenye kurusha ibindi kw’isi.

Ishirahamwe Parcem rihamagarira Abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro kugira bashike kw’iterambere rirama, rivuga ko ubukene Uburundi burimwo bushobora kunyurwa n’ukuntu abantu babandanya kwiyongera. Ni mu gihe igisata c’igihugu kijejwe gutororokanya ibitigiri giherutse kwerekana ko mu myaka 20 iri imbere Abarundi bashobora kuba bageze ku miriyoni 16.

Faustin Ndikumana, umukuru wa Parcem avuga ko hari vyinshi vyerekana urugero rw’ubukene mu gihugu. Ahanura Reta kwihutira gushira mu ngiro inkingi 12 zirimwo ugukomeza inzego z’ubutungane n’igiporisi, ugushiraho icuka gikwega abagwizatunga, ukorohereza abanyamitahe n’ugushiraho ikigo c’igihugu kijejwe gutegura imigambi kugira iduze urugero rw’ubutunzi.

Umushikiranganji w’ubutungane kuri uyu wa gatatu yabwiye abashimateka ko gukomeza inzego bigiye kuba vyiza kurusha kubera sentare zibiri zigwanya ibiturire n’igiporisi karuhariwe kijejwe ico gikorwa, vyatswe ububasha bwavyo bwegurirwa za sentare zisanzwe.

Ibi Faustin Ndikumana asanga bikwiye kwitonderwa agasigura ko igikorwa co kugwanya ibiturire gihabwa abahinga kw’isi yose.

Icegeranyo c’uyu mwaka c’ikigega mpuzamakungu citaho ubutunzi FMI cerekana ko Uburundi buza mu kibanza ca mbere mu bihugu bikenye kw’isi. Ku bw’iyo raporo, muri rusangi Umurundi wese akoresha ku mwaka amadorari atarega 264. Ku bihugu 25 bikenye kurusha ibindi u Burundi ni co conyene umunyagihugu ku mwaka atuzuza amadorari 300.

Ku bihugu 20 vya mbere bikenye kw’isi uyu mwaka biri ku mugabane wa Afrika ni 17 bikaba bivangiwe na Afghanistan, Yemen na Haiti.