UBM News ads

Abantu batandatu bishwe abandi barakomeretswa n’inkuba mu ntara ya Ngozi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Kuri uyu wakane igenekerezo rya 29/04/2021 ku muhingamo mu gihe b’isaha cumi abantu batandatu barapfuye bakubiswe n’inkuba abandi batandatu barakomereka.
Iryo bara ryagwiriye ku mutumba na zone Nyagatovu komine Tangara intara ya Ngozi nkuko uwuyoboye igiporisi mu ntara ya Ngozi na musitanteri w’iyo komine babimenyesha.
Abo bategetsi bakavugako kandi abakomeretse bose bariko bavurirwa kw’ivuriro ritoya ry’imashitsi hafi y’aho i Nyagatovu nyene kandi abo bose bahuye n’iryo sanganya bari bugamye mumazu atandukanye
Ayandi makuru yo ngaho i Ngozi nyene aravugako har’ikindi kiziga c’umugabo yahora ari umwigisha wo kw’ishure shingiro rya Mivo yaba muri karitiye Gisagara ku mugwa mukuru w’iyo ntara, catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu 30/04/2021, hafi ku kirometero n’aho yaba.
Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro n’igiporisi avuga ko hari abamuhamagaye mw’ijoro ari muhira iwe, arabitaba, umuryango wiwe ntiwasubira kumubona. Ikiziga bagisanze mw’ishamba kiboshe n’umugozi w’ikirato mw’izosi.
Bucumi Martin arongoye komine Ngozi amenyesha ko bari kumwe n’igiporisi bariko bagira amatohoza ngo hamenyekane abamwishe n’ico bamuhoye.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments