UBM News ads

Imbogo yarokotse nyuma yo kumara amasaha icumi murugomero rw’umuyagankuba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mu gihe ibikoko nkibi bisigaye arimboneka rimwe mu Burundi, imbogo yari yaguye mu rugomero rw’umuyagankuba ivuye mu kibira ca Ruvubu yahavuye irokoka idasomye nturi inyuma y’amasaha arenga 10 yiyogera.
 Nk’uko bishikirizwa na Marc Bakundintwari akurikirana ibinyabuzima muri ico kibira, vyashobotse ko ikurwa muri urwo rugomero nk’isaha icumi z’umugoroba w’uyu wa 14/04/2021 bigoranye cane, ubona ko ari igikoko gikaze.
 Usivye aho yakomeretse ku binono iriko igerageza kwikurayo, ngo nta kindi kibazo yagize.
 Afadikanije n’abajejwe intwaro n’umutekano, Marc amenyesha ko haciye hashirwaho abakozi bakurikirana ubuzima bwayo kugira ntizohave ihohoshwa n’abanyagihugu canke ngo isinzikare mu bundi buryo. Ariko rero, mu kigo OBPE, ngo nta baganga bariho bavura ibikoko vyo mw’ishamba nk’igihe bikomeretse tukibutsa kandi ko ibikoko vyahora bikwega ingenzi mu Burundi ubu bisa nivyahunze vyigira mubindi bihugu kuko bititaweho binageramiwe n’abavyica kunyungu zabo zitandukanye.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments