Inyuma y-ikiringo c-indwi zitatu cari kihaciye ihagarikiye ibiganiro, Radiyo INZAMBA AGATEKA KAWE yaraye isubiye kusamirana kuva k-umugoroba wo kuwa 15 Ndamukiza.
Nkuko bimenyeshwa na Alexandre Niyungeko umuyobozi w-iyo radiyo, amenyesha ko ari urugamba biyemeje rwo kuzokwama bashikiriza amakuru abarundi bakamenya ibibera iwabo naho baguma baca mu ngorane zo kuburabuzwa ko bitabaca intege n-agato.
I radiyo INZAMBA AGATEKA KAWE ikwirikiye i radiyo RPA nayone iheruka kusubira kusamirana kuwa 12 Ndamukiza.
Tubamenyeshe ko mu binyamakuru bitatu vyaheruka kuhagarika ibiganiro vyavyo kuwa 24 Ntwarante, iradiyo n- imboneshakure RENAISSANCE ariyo isigaye itarasamirana ariko nayone vuba irasubira kushikiriza ibiganiro vyayo nk-uko vyemejwe n-umwe mu bamenyeshamakuru w-izo radiyo zimaze kwugurura.
Twobibutsa ko ivyo binyamakuru bitatu bikorera hanze y-igihugu inyuma yaho biterewe bikaturirwa kuwa 14 Rusama 2015 n-abantu bambaye imyambaro ya gisirikare na gipolisi bitwaje ibirwanisho rutura ivyo abarongoye ayo maradiyo bavuga ko vyakozwe n-ubutegetsi ni mu gihe hari hahejeje kugerageza ihirikwa ry-ubutegetsi bw-umuhisi Petero Nkurunziza.





Recent Comments