Inyubako nyinshi, amabarabara, ibitarugwa, amasomero n’ibindi birononeka mw’iki gihe c’imvura nyishi mugihe atanimyaka myinshi biba biramara.
Akarorero n’aho Amasomero 4 yo kw’ishure shingiro rya Kibati zone Masango komine Bukinanyana intara ya Cibitoke, yaguruwe n’imvura nyinshi ivanze nigihuhusi hamwe n’urubura yaguye ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana.
Iyo mvura yarononye kandi imirima myinshi y’ibitoke,amateke, ibiharage.
Séreus Barimurwanko, umukuru wa zone Masango amenyesha ko iki gitondo bazindutse basanura ayo masomero bagasaba na leta ko yobaronsa amabati kuko ayagurutse atoba agisubizwa ku masomero. Uyo mutware asaba abo bose babishokoye gufasha mu kurindira ko leta igira ico ikoze.
Recent Comments