Bitumwe n-uko ubu igihugu ca Kenya kiriko kigira abandura benshi umugera wa Covid19 k-urugero rwa kane, urugero ruba ruteye ubwoba, Ikigo co kurwanya ingwara muri Leta Zunzubumwe za Amerika cagabishije abanyamerika ko batokwirahira ngo bahonyoze ikirenge mu gihugu ca Kenya.![]()
Tubibutse ko mu ndwi ya heze, igihugu c-ubwongereza cafashe ingingo yuko abanyagihugu baco bohagarika ingendo zoza zigana muri Kenya kukutinya ko bokwandura umugera wa Covid19 biboneka ko mw-ico gihugu ca kenya uriko urarwirirana cane k-urugero rwo hejuru.
Perezida Uhuru KENYATTA nawene yaheruka kufata ingingo zikomeye mukuraba ko hohagarikwa irwirirana ry-uwo mugera aho intara zitanu harimwo umuji wa Nairobi arizo biboneka ko zibangamiwe zakozweko n-izo ngingo .





Recent Comments