Inyuma y-umwaka umwe n-amezi cumi ribujijwe gukorera k-ubutaka bw-uburundi, ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM ryemerewe gusubira gukorera k-umugaragaro.
Kubw-iyo ngingo y-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu yo kwugurura iryo shirahamwe, Faustin NDIKUMANA arirongoye arashimishwa n-iyo ngingo y-uko bagiye gusubira kukorera k-umugaragaro akanamenyesha ko agiye kwongereza inguvu mu kurwanya igiturire no guhimiriza abarundi ngo bahindure ingendo ku neza y-iterambere ry-igihugu.
Tubibutse ko ishirahamwe PARCEM ryari ryahgaritswe kuwa 3 Ruheshi 2019 ryagirizwa gucapfuza igihugu n-abakirongoye.





Recent Comments