UBM News ads

Cibitoke: Imwe mu ntara zitorwamwo ibiziga ku bwinshi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nta ndwi canke ukwezi bikicijana hatabonetse mu ntara ya Cibitoke ibiziga vy’abantu biba vyishwe urwagashinyaguro, bimwe biboshwe, bifise inguma nyishi k’umubiri, ibindi biri mu magunira hamwe kandi n’ibitorwa mu ruzi Rusizi biriko bireremba hejuru mu mazi ndetse vyaranasangutse.

IWACU English News | The voices of Burundi – ” Corpse phenomenon” on  greater scale

 

Nk’uko tubisanga muvyegeranyo bitandukanye vyo mu mashirahamwe aharanira agateka kazina muntu nka LIGUE ITEKA kuva mu mwaka w’2019 gushika mumpera z’umwaka w’2020 ibiziga birenga 300 nivyo vyatowe ;  ku makomine aza ubwa mbere mukubonekamwo ivyo biziga ni: Bukinanyana, Mabayi hamwe na Rugombo . Ikitangaza benshi ndetse n’abanyagihugu bo mw’ubwo buce, ni mu gihe babimenyesheje hejuru, baza babona abajejwe intwaro n’abo mu nzego z’umutekano bihutira kuza kuhamba ivyo biziga kandi vyasabwa ko habanza gukorwa amatohoza kugira hamenyekane umwidondoro wavyo  .Uwugize ngo arafashe amasanamu y’ivyo biziga canke akagira ico avuze nk’amakuru yotanga mu bajejwe agateka kazina muntu bahunze igihugu aca atangura kuterwa ubwoba na bamwe mu bajejwe intwaro be n’abo m’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD.

None ivyo biziga vyoba arivy’abande,bicwa nande?

Nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu bo mu makomine ya: Bukinanyana, Mabayi na Rugombo na rimwe na rimwe n’uko ngo bumva keshi mu masaha yo mw’ijoro imodokari yo m’ubwoko bwa kamyiyoneti HILUX  igenda bukebuke ndetse kubasboboye kuyibona ngo igenda yazimije amatara bakumva urwamo  rw’amasase makeyi mu nyuma ya modoka igaca isubira inyuma inyaruka, vyoba bisigura ko ari umuntu aba ahiciwe bwaca abazindutse baja kumirimo bakabona ikiziga c’umuntu ciciwe mwaca kibanza cavugiramwo y’amasase mw’ijoro. Kubw’ayandi makuru twarose n’uko ivyo biziga kenshi aba arivy’abantu baba bafashwe n’abo mw’iperereza   bakaburwa irengero ,munyuma bakahava bicirwa mu ntara ya CIBITOKE bakuwe mubundi burere bw’igihugu canke m’ubusho bwo mw’ibanga ba bafungiwemwo.

Kuyandi mamuko y’ivyo biziga twabwiwe n’uko keshi mu makomine ya za Mabayi na Bukinanyana zegereye ikibira zama zabereyemwo ingwano ihuza igisirikare c’uburundi be n’imihari yitwaje ibirwanisho yiyemeje kurwanya Leta y’I Burundi bakoresheje umuheto, ikikunda kuba mw’ubwo burere n’uko ababa bafashwe mw’iyo mirwi yateye canke bakishikana imbere y’abajejwe umutekano barikumwe n’imbonerakure,  baca bagandagurwa urwagashinyaguro ubwo nyene  munyuma ibiziga bikaca biba biragumye ngaho inyuma y’uko abajejwe intwaro baza kubihamba.

Kuki abajejwe intwaro bihutira kuhamba ivyo biziga hatakozwe amatohoza?

Kuwatuhaye amakuru ari mu gipolisi c’uburundi amenyeshako kuvyo kuhamba n’ingoga ivyo  biziga,  biba vyasabwe na bamwe mu bategetsi bo  mu nzego z’umutekano hamwe n’abo mu mugambwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD  mu ntumbero yo kuhisha ababa batabarije ababo banyurujwe babanje kufatwa n’abo mw’igendereza eka ndetse ngo amakungu ntamenye kubiba biriko bibera mu gihugu muvy’agateka kazina muntu  biboneka ko baba bafise umuco munini kw’ivyo biziga.

Abarundi benshi baranegura ingendo y’abategetsi yo kuguma mu gacerere kubona hagiye haratorwa ibiziga vyishi mu gihugu na cane cane mu ntara ya CIBITOKE aho at’amatohoza akorwa kugira bamenye imyidondoro yababa bagandaguwe eka ndetse hahanwe ababa bakoze ubwo bwicanyi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments