Amaradiyo Inzamba,RPA hamwe n’imboneshakure Renaissance zamenyesheje kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 ntwarante gukora ibiganiro .

Nkuko biri mw’itangazo ryasohowe n’abatwara ivyo binyamakuru , bamenyesheje ko bitumwe n’imvo zitabavuyeko kubona bashimye kwugara ibiganiro bahora bakora.
Kuva aho ayo maradiyo yigenga atuririwe n’ubutegetsi bw’i burundi kuwa 14 rusama yaciye aja gukorera mu gihugu kibanyi c’u Rwanda.
Nk’uko twabibwiwe n’umwe akorera ivyo binyamakuru nuko igihugu c’u Rwanda cari kibahaye ubuhungiro ndetse banakoreramwo umwuga wabo cari cabahaye gasopo haraciye imisi ko boba baritegura bakahiga ahandi boja bazokorera ; Kuko nkuko biriko biravurwa igihugu c’u Rwanda coba kiriko kiragomba kunagura imigenderanire na Leta y’i burundi haciye imyaka irenga itanu yaratosekaye, ubutegetsi bw’uburundi muvyo bwasaba leta ya Kigali kugira hanagurwe imigenderanire myiza harimwo muvyo kwugara ivyo binyamakuru bitatu : Rpa,Inzamba n’iradiyo mboneshakure Rennaissance.
Kubw’amakuru twarose nuko mu misi irimbere ivyo binyamakuru bigiye gusubira gusamirana bikavurwa ko bigiye kuzokorera k’ubutaka bw’ikindi gihugu.





Recent Comments