Ivyo biboneka ku mbuga ngurukana bumenyi aho ku bashikirizamanza 19 ba mu ntara 17 zigize Uburundi, hari umushikiriza manza umwe gusa wo mu bwoko bw’abatusti, nta wo mu bwoko bw’abaganwa arimwo nta mugore numwe arimwo ntanuwo mu bwoko bw’abatwa arimwo. Ivyo biruko nyene mu gisata c’abatwara intara z’ubuvuzi hamwe n’abatwara inyigisho zo mu mashure mu ntara hoho bikavugwa ko atanuwo mu bwoko bwabatusti atwara ico gisata mu ntara nimwe igize Uburundi.

Ivyo biruko mugihe mw’ibwirizwa nshingiro handiste ko abatutsi baserukirwa ku bice 40 kw’ijana, abahutu 60, abakenyezi kuri 30 kw’ijana, abatwa baragena kurya babikora mu nama nshingamateka. Abo mu bwoko bw’abaganwa nabo nyene babandanya basaba ko batobakumira nkuko intwaro z’abakoroni n’izagisirikare zabo mu muryango w’abahima wabikoze.
Ivyo biruko mu gihe Inama nkenguzamateka ijejwe kuraba ko uguserukirwa muvyo mubwoko vyubahirijwe kugira ikinge amashavu, intambara, ihirikwa ry’ubutegetsi hamwe n’ihonyabwoko. Mwomenya ko Uburundi buheruka guhimbaza umusi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi itariki 5 Ruhuhuma.
Inama nshingamateka ikaba itarabeshuza iyo nkuru.





Recent Comments