Mu nama yabaye kuri uyu musi wa kabiri hagati y’abaserukira ibihugu vya Buraya hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, hashitsweko intambwe ishimishiije hagati y’Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya.
Umushikiranganji, Albert Shingiro, yavuze ko Uburundi n’Ubumwe bwa Buraya biri mu nzira nziza yo kunagura imigenderanire nk’iyari ihari imbere y’intureka zo mu mwaka wa 2015.

Shingiro yavuze ko Ubumwe bwa Buraya bwiteguriye cane gusubira gukorera igihugu c’Uburundi ivyahora bikorwa imbere ya 2015.
Ubumwe bwa Buraya nabwo bwamenyesheje biciye ku wubuserukira mu Burundi, Claude Bochu, ko nabwo buzokwitabira akamo ka reta y’Uburundi mu gusahirizanya mu vy’ubutunzi.
Mwomenya ko reta y’Uburundi yahora ironka ibice bishika ku 52% vy’amafaranga avuye i Buraya bwa mfashanyo mu mfaranga akoreshwa na reta y’Uburundi ku mwaka, ariko reta y’Uburundi ikaba ariyo yayatanga maze bigatuma abarundi beshi batanga amakori meshi.
Les 2 Parties ont en outre échangé sur les sujets d'intérêt commun&les engagements mutuels dans le cadre de la normalisation de leurs relations d'amitié&de coopération. La reprise du dialogue politique constitue une priorité partagée qui bénéficiera aux peuples burundais&européen pic.twitter.com/s8KvpCXWJf
— MAECD (@MAEBurundi) February 2, 2021






Recent Comments