UBM News ads

 Amashirahamwe BRARUDI na AFRITEXTILE ariko aragabanya abakozi. Mwibaza ko biva kuki ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nkuko amakuru ava murayo mashirahamwe abivuga abakozi barenga ijana barashizwe mw’ikonje murayo mashihamwe akomeye m’Uburundi. Ishirahamwe AFRITEXTILE rikora ibitenge rikaba ryashize abakozi baryo mw’ibarabara barenga ibice 80 kw’ijana, ivyo bigatumwa no kubura ibampa bakoresha hamwe n’amahera y’agaciro yo kuja kurirangura hanze y’igihugu.

????????????????????????????????????

Iryo shirahamwe AFRITEXTILE rikaba ryari ryarahawe amatongo ya COGERCO kugira ririme ipampa m’Uburundi ariko iyo ngingo ikaba yarahindutse amatongo asubizwa COGERCO.

Ishirahamwe BRARUDI naryo rikaba rishaka guha ayandi mashirahamwe ibikorwa ryahora rikora muntumbero yo kugabanya akazi ryahora rikora. Abakozi bakazoba batakaje uburusho bahora bahabwa n’iryo shirahamwe BRARUDI rimaze imyaka myinshi m’Uburundi rigana ibinyobwa vyamaze kwinjira mu mico y’Abarundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments