Urwego CNC rwatumyeko ibimenyeshamakuru vyugawe kur’uyu wa mbere

0

Nkuko vyasabwe n’Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye kur’uyu wa kagatatu, urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora rwatumiye abarongoye amaradiyo yugawe kuza mu nama kur’uyu wambere ku cicaro cayo mu gisagara ca Bujumbura.

Amaradiyo VOA y’abanyemerika na BBC y’abongereza hamwe na Bonesha FM niyo yikekwa kuzokwitaba ubwo butumwa. Amaradiyo RPA, Inzamba na TéléRenaissance nayo arashima ico ciyumviro c’Umukuru w’igihugu ariko akaba afise amakenga ku mitahe mpuzamakungu y’Ubutungane yo kubahagarika.

Prezida Ndayishimiye yamenyesheje ko ibimenyeshamakuru bikenewe mu buzima bw’igihugu kuko vyerekana aho gukosora ari akabisaba kuvugisha ukuri no guhanurana mur’uyo mwuga.