Kubera ukwongerekana kw’ikiza ca Coronavirus mw’isi, ingenzi ziva mu bihugu vy’Uburundi no mu Rwanda zirabujijwe kwinjira mugihugu c’Ubwongereza.
Muri iryo tangazo ruyagiye ahabona, igihugu c’Ubwongereza kibangamiwe cane n’umugerawa Coronavirus, kikaba kivuga ko ibihugu bumwe bimwe nka Arabia Soudite, Uburundi n’Urwanda bishobora gusubira gukwiragiza imigera ya Corona iza inanirwa no gukingwa hakoreshejwe incanco.
From tomorrow (Friday 29 Jan at 1pm), we’re extending our travel ban with the United Arab Emirates, Burundi and Rwanda all added to the UK's red list. 1/3
— Rt Hon Grant Shapps MP (@grantshapps) January 28, 2021
Iyo ngingo ije inyuma y’aho igihugu c’Ubwongereza gifashe ingingo yo kwugara ingezi ziva mu gihugu ca Afrika y’Epfo kubera ubundi bwoko bwa Koronavirus bwatowe muri Afrika y’Epfo maze bwisanga mu gihugu c’Ubwongereza.

Kuri iryo tangazo hakaba gusa hemerewe gusa abanyagihugu bo mu bwongereza bava mu bihugu vy’Uburundi n’Urwanda gutahuka.
Igihugu c’Ubwongereza kikaba kimaze kurenza abantu barenga 100 000 bamaze guhitanwa na Koronavirus.
Mw’isi yose mwomenya ko ico kiza kimaze guhitana abantu bashika ku 2 000 000, kumbure barenga kuko kibandanya gisasika inganda. Abamaze kwandura ico kiza nabo bakaba barenga 100 000 000 mw’isi yose.





Recent Comments